Dark Mode
Image
  • Sunday, 22 December 2024

Kwambara muri Ukraine

Kwambara muri Ukraine

Kwambara muri Ukraine

A Ukrainian military member stands guard at Independence Square in Kyiv, 2 March 2022

AHAVUYE ISANAMU,EPA

Urukurikirane runini rw'imiduga ya gisirikare y'Uburusiya, bivugwa yuko rufise uburebure bwa 64km hafi y'umurwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, ntiruratera intabwe n'imwe mu minsi itatu nk'uko ministre ajejwe kwivuna abansi w'Ubwongereza abivuga.

Ariko abajejwe ivyo kwivuna abansi muri Amerika bo bavuga yuko Uburusiya bugifise intumbero yo gukikuza no gufata uwo muji utuwe n'abantu bashika imiriyoni zitatu - hagakoreshwa umukenyuro wo kuwukumira nivyakenerwa.

Amasanamu ya satelite aheruka yerekana ubunini bw'urwo rukurikirane ateje ubwoba bw'uko igitero coba cimirije.

Ariko abajejwe intwaro mu Bwongereza no muri Amerika bavuga yuko ikibazo c'ibikoresho gishobora kuba kiriko kiratuma haba ugukwega ibirenge.

Mu gutanga amakuru yo ku rugamba kwabaye mu gitondo c'uno wa kane, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi yavuze ko urwo rukurikirane "rwateye intambwe ntoyi cane mu minsi itatu" kandi rukaba rukiri ku birometero birenga 30 uvuye i Kyiv

Comment / Reply From